
Abo bantu babiri bapfiriye mu Kabonga, intara ya Makamba, bahitanwe n’isanganya ryabaye kw’ipikipiki bariko biyungururizako yagonganye n’iyindi, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi.
Ayandi makuru atangwa n’igiporisi c’Uburundi avuga abantu batatu bakomerekejwe na Gerenade zibiri zatewe ku modoka yo mu bwoko bwa « Camion » yari ivuye mu gihugu ca Tanzaniya.
Iyo modoka yatewe izo Gerenade mu gihe yari ihagaze i Bugarama mu ntara ya Muramvya, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu, nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro.
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko inyuma y’iterwa y’izo Gerenade, igiporisi caciye gifata amasasu 12 hamwe na Gerenade imwe, munsi y’iyo modoka.
Amakuru atangwa n’igiporisi c’Uburundi abandanya amenyesha ko umudereva w’iyo modoka asanzwe afise ubwenegihugu bwa Somaliya yaciye afatwa ku mvo z’amatohoza.