« Nta murundi n’umwe azoshikirizwa ubutungane bw’ikindi gihugu » Integuro y’ibwirizwa Shingiro rishasha

Mu ngingo y’150, agace ka kabiri muri iyo nteguro y’ibwirizwa shingiro, bavuga ko ata murundi n’umwe ashobora gushirwa mu minwe y’ubutungane bw’ikindi gihugu kiriko kiramukurikirana.

Iyo nteguro iravuga kandi ivyerekeye inama nkuru y’ubucamanza, aho mu ngingo ya 219 bavuga ko Abacamanza bagenwa mu mabanga bajejwe n’Itegeko ry’Umukuru w’Igihugu bisabwe n’Umushikiranganji w’ubutungane n’Inama nkuru y’ubucamanza yisunze ivyashikirijwe.

Ingingo ya 221 ivuga ko inama nkuru y’ubucamanza itegura rimwe mu mwaka icegeranyo cerekana ingene ubutungane bwifashe mu gihugu. Ingingo ya 222 nayo ivuga ko mu bagize inama nkuru y’ubucamanza hategerezwa gucungerwa ko ata bwoko, intara, canke igitsina bikumiriwe.

Inama nkuru y’ubucamanza igizwe n’aba bakurikira : abacamanza bane bo muri Sentare nkurunkuru, abacamanza babiri bo muri Sentare z’intango, abantu bane batowe mu bikorera ivyabo barangura umwuga mu vyerekeye amategeko.

Abo mu murwi wa mbere n’uwa kabiri batorwa n’abacamanza. Ingingo ya 223 ivuga ko abagize inama nkuru y’ubucamanza bagenwa n’Umukuru w’Igihugu babanje kwemezwa n’Inama Nkenguzamateka.

Ingingo ya 224 nayo ivuga ko inama nkuru y’ubucamanza irongorwa n’Umukuru w’Igihugu yunganiwe n’Umukuru wa Sentare Ntahinyuzwa hamwe n’Umushikiranganji w’ubutungane, uwa mbere akaba Icegera c’Umukuru w’Inama Nkuru y’ubucamanza, uwundi nawe akaba Umunyamabanga.

Ingingo ya 225 ivuga ko ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro ariryo ritomora ingene Inama Nkuru y’ubucamanza n’abashikirizamanza itunganijwe, ingene ikora n’ingene abayigize bagenwa.