Umutumiro w’amasengesho yo gusengera uburundi n’abarundi yo muri iyindwi ya Noel itegura kurangiza umwaka

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RY’IMANA RY’ABARUNDI YO GUSENGERA UBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO YO KUWA 20/12NA 23/12/2017

Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse, ku misi (Mercredi na Samedi) twama dufise amasengesho yo gusengera abarundi bose n’uBurundi.

I. URUFATIRO : « Naho Umwami wacu Yesu Kristo atavutse itariki rya 25/12; naho na Bibiliya itadusaba kuninahaza Noël mugabo idusaba kwizihiza ugupfa no kuzuka kwa Yesu Kristo; turashimira twivuye inyuma aba Kristo bose bashoboye guhindura umunsi wari wahariwe Mithra imana mpagani y’umuco bakawuhindura umunsi mukuru wo kugirira ibibondo neza no kwifatanya n’imiryango bagahanahana ingemu “

II. INYIGISHO : Hariho ibintu indwi mukwiriye kwishimira mukanabishimira Imana muri iyi minsi mikuru ya Noel n’Ubunani irangiza umwaka 2017.

1. Yararishe ikiguzi kugira ngo aducungure (Luka 4:18, Abayefeso 1:7, 1Petero 1:18-21)

2. Yaduhaye ubushobozi bwo kunesha intambara ( 1Abami 22:11, Zaburi 89:17 na 24, 1Abikorinto 15:54-55)

3. Yarashikije ivyahanuwe vyose ( Itanguriro 12:1-3, 49:10, 2 Samweli7:12-16, Mika 5:2, Luka 1:27, Matayo 1:20, Yesaya 7:14)

4. Yararishe ugucungugwa kwacu ( Abigalatiya 3:13-15, Abikilosayi 1:13-14, 1Abikorinto 6:18-20)

5. Imana irashitsa amasezerano yadusezeraniye (2Petero 3:9, Abaheburayo 10:23, 1Tesalonika 5:24)

6. Turashobora kwinjira mubwiza bw’Imana mugusenga, gushima no mukuyikorera.

7. Imana yaratubikiye impera, igitsibo n’umunezero (Yeremiya 29:12, 1Yohana 4:14-15, Mariko 11:24, Zaburi 17:6-7a.

★ :indirimbo : 126;39;249; 210

III.IVYOMPWE YERA YAHISHUYE:

1. Yesu ati (nimuze mwebwe mwese murushe nabaremerewe)

Bagenzi, mureke kwigewanira mu makuba, ubukene, inzara n’imibabaro kuko mugiye gutabagwa.

IV. IMITWARO

1. Musengane umwete mwinshi musengera abarongozi b’ihanga ry’Imana bose, munasengera uburinzi, ibutwari no gushira amanga abadiyakoni, abaririmvyi n’abavugishwa bose.

2 .Gusabira abarundi bose ngo bavavanure n’agatima k’icaha, ububisha, amacakubiri ,ukubesha no gukunda agapfa.

3. Umwe wese mubabishoboye kugurira imfungugwa n’ibinyobwa, ivyambagwa canke imiti aba bantu bakurikira: Abana b’impfuvyi, abana bo mwibarabara, abana abavyeyi babo bari mu bibazo nkubukene, indwara, umunyororo n’ubuhungiro. Mwongere mwite ku mpunzi, abapfunzwe, abagwaye, abagendana ubumuga n’abageze muzabukuru.

Tubaye turabashimira kukigoro k’amasengesho muzogira kuri iyo minsi ibiri .

Ni Dusangwe IMANA-BURUNDI N’ISEZERANO .

Bigiriwe I Bujumbura kuwa 19/12/2017.

http://www.abisezerano.com