
Mw’itangazo abashingamateka baserukira Uburundi muri EALA basohoye kuri uwu wa gatatu, inyuma y’aho umushingamateka Martin NGOGA aserukira Urwanda atahukanye intsinzi mu matora y’umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, abo baserukira Uburundi bamenyesheje ko ingingo ya 53.1 itubahirijwe, iyo nayo ikaba ivuga ko uwutwara EALA atorwa biciye mu kubisikanya, ariko atari uguhiganwa.

Abashingamateka baserukira Uburundi basohoye itangazo rivuga ko batemera ivyavuye mu matora
Abo baserukira Uburundi bavuga ko n’ibitigiri bisabwa kugira habe amatora bitubahirijwe, aho akaba ari mu gihe ayo matora yabaye abaserukira Uburundi hamwe n’abaserukira Tanzaniya badahari.
Iryo tangazo ryateweko umukono n’abashingamateka icenda bose baserukira Uburundi muri EALA rivuga ko ivyavuye muri ayo matora ata gaciro bifise, kandi ko bitaraba Uburundi.
Abo bashingamateka icenda b’Uburundi basaba ko amategeko yokwubahirizwa mw’itorwa ry’uwutwara EALA.

Abashingamateka icenda bose baserukira Uburundi bateye umukono kuri urwo rwandiko
Mu matora y’umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko (EALA) yabaye abashingamateka baserukira Uburundi badahari, umushingamateka yatanzwe n’igihugu c’Urwanda niwe yatsinze ku majwi 33 ku bashingamateka 36 batoye.
Imbere y’uko ayo matora aba, abo baserukira Uburundi biri biyamirije ivyo bise akarenganyo gakorwa mw’itorwa n’umukuru wa EALA, aho bavuga ko amategeko y’ugukurakuranwa muri ubwo burongozi atubahirizwa, ayo nayo akaba avuga ko ibihugu bikurakuranwa muri ubwo burongozi hisunzwe indome z’amazina y’ibihugu. Abo baserukira Uburundi bari basavye kandi ko igihugu kiramukiwe muri ubwo burongozi arico conyene cari gikwiye gutanga izina ry’uwitoza.