Amasoko yubatswe n’ubumwe bwa Buraya agiye gukwiza amezi atanu atarinjirwa

Ramadhan NKURIKIYE, umuhanuzi mukuru w’uwurongoye igisagara ca Bujumbura amenyesha ko bakirindiriye gushikirizwa mu minsi iri imbere icegeranyo c’abari ku rubuga kugira bamenye aho ivyo bikorwa vyo guheraheza iyo soko bigeze.

Uwo muhanuzi mukuru w’igisagara ca Bujumbura yemeza ko mu bikorwa bitarasozerwa, harimwo ugusubiramwo kugira haboneke ibibanza vyari vyagabanutse bitumwe n’inyubako nshasha zubatswe muri ayo masoko. Ramadhan NKURIKIYE avuga ko ivyo bikorwa bimaze gutera intambwe.

Isoko yo mu Ruziba, imwe mu masoko indwi yubatswe ku mfashanyo y’ubumwe bwa Buraya

Haheze amezi arenga abiri umuhanuzi mukuru w’uwurongoye igisagara ca Bujumbura ashikirije ko amasoko yasubiwemwo azoba yinjiwe ku mugaragaro mu ntango z’ukwezi kwa 12 umwaka wa 2017, ukwo kwezi kukaba gusigaje iminsi cumi n’umwe. Nta rindi sango ry’ukwinjira ayo masoko ritangwa n’uwo muhanuzi mukuru wa Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura.