
Amakuru dukesha iradiyo y’abafaransa RFI amenyesha ko abajejwe umutekana baciye bafata ingingo yo kurasa abari mu myiyerekano.
Kw’igenekerezo rya 25 Myandagaro, abanya Kurdistan baremeje ku bwinshi ko bokwikukira, bikaba vyatumye Reta ya Irak ishavura irarahira ko Kurdistan yikukira, ivyatumye haduka imyiyerekano yo gusaba ukwikukira.
Mu gihe abari mu myiyerekano baturiye inyubakwa z’imigambwe ikomeye mu gihugu bakaba bayagiriza ko ataco iriko irabafasha, inzego z’umutekano zaciye zibarasa.
Abanya Kurdistan bakaba batabona kazoza kabo, aho ibiciro vyaduze,abakozi bakaba badahembwa.