
Uwo munyeshuri azwi kw’izina rya Vianney NIYOMWUNGERE. Amakuru ava i Mukike amenyesha ko iyo nkoho yatumye uwo munyeshuri afatwa yibwe ku kirindiro c’igiporisi ca Zone Rukina.
Ayo makuru nyene amenyesha ko Vianney NIYONGERE yahavuye afatwa na komanda w’ikambi ya Mujejuru, aca ajanwa gupfungirwa mu gasho ka parike mu Kabezi.
Uwo muneyshuri yiga mu mwaka w’icenda,abaye uwa gatatu afashwe,inyuma y’abandi basore babiri bafashwe kuwa mbere igenekerezo rya 18 Kigarama, bagirizwa ubusuma bw’iyo nkoho nyene.