
Iyo nfashanyo izotangwa n’igihugu c’Ubushinwa ku banyeshuri 50 bagiye kwiga igisata ca kabiri ca kaminuza y’Uburundi, ingana n’amafaranga ibihumbi 60 vy’amarundi ku kwezi, mu kiringo c’umwaka wose.
Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Gaspard BANYANKIMBONA amenyesha ko mu bijanye no gufashanya hagati y’Uburundi n’Ubushinwa,iyo nfashanyo izohabwa abanyeshuri naho ari ntoya, ifise kinini isigura kuri bo.
Gaspard BANYANKIMNBONA ahamagarira abafasha hamwe n’abavyeyi gufasha abanyeshuri bagiye gutangura kwiga igice ca kabiri ca kaminuza, ico naco kikaba kizotangura kwigisha mu minsi ya vuba.
Ku ruhande rwiwe, Li CHANGLIN aserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, amenyesha ko bashimye gushigikira abanyeshuri, kuko gushira umutahe mu rwaruka, ari ugutegura kazoza k’igihugu,kandi gushira umutahe mu nyigisho, ari uguhindura igihugu.

Mwomenya iyo nfashanyo izotangwa mu mwaka w’ishuri wa 2017 ushira uwa 2018,abazoyironka akaba ari abanyeshuri bakenye gusumvya abandi, ariko bafise umwete kandi bakerebutse, bagakunda n’igihugu.