
Nk’uko vyashikirijwe na Jacques NSHIMIRIMANA arongoye FENADEB mu nama yo kwihweza uko abana bo mw’ibarabara bitaweho, isango ntarengwa umukuru w’igihugu yatanze riri hafi cane.
Jacques NSHIMIRIMANA asaba ahubwo ko ico kiringo cokwongerezwa. avuga ati :« Hasigaye iminsi icumi gusa kugira ikiringo umukuru w’igihugu yatanze kirangire.Ku bwacu tubona ko hatari bwagere.Turashigikiye cane umugambi wo gukura abana mw’ibarabara, ariko dusaba ko vyokogwa hubahirijwe agateka k’abana. »
Muri FENADEB bavuga ko bafise amakenga ko abazokurwa mw’ibarabara bazohava bakurwaho ku nguvu, na rirya abegwa n’ico kibazo batagishwa inama.
Umwigisha muri za Kaminuza Joseph Ndayisaba avuga ko icihutigwa kitoba kubakura mw’ibarabara igihutihuti, ariko hobanza hakigwa igituma baja mw’ibarabara, n’ingene ubuzima bw’abo bwomera neza inyuma yo gukurwa mw’ibarabara.
« Imvo zituma abana baja mw’ibarabara ziratandukanye.Mu gihe bokurwayo bose bakajanwa mu miryango, mu gihe icabatumye kuja mw’ibarabara kikiriho, nta buhungiro boba baronse. »
Joseph Ndayisaba avuga kandi ko hakwiye gukorwa ivyigwa bikomeye mu ntumbero yo gufasha abana bo mw’ibarabara.
Ivyigwa vyakozwe bikaba vyerekana ko ibice 20% vy’abana bo mw’ibarabara batahukanwa mu miryango aribo bashobora kugumayo nayo abarenga 60% baca basubira mw’ibarabara