Koreya: Abasirikare ba Koreya ya ruguru baguma bagerageza guhungira muri koreya yepfo

Akarere katarangwamwo abasirikare DMZ hagati ya Korea ya ruguru n’iyo epfo ni ko karere gacungerewe cane kw’isi

Abasirikare ba Korea y’epfo barashe amasase yo kugabisha ku bacungera urubibe ba Korea ya ruguru bariko bararondera umusirikare yatorotse.

Abasirikare ba Korea ya ruguru binjiye mu karere katarangwamwo ibikorwa vya gisirikare (DMZ) inyuma y’isaha zibiri (23:00 GMT) ku musi wa gatatu.

Yaturumbutse mu gipfungu kw’ibariyeri, ni ko igisirikare ca Korea y’epfo kivuga.

Ni umusirikare agize kane wa Kotrea ya ruguru ahunze uyu mwaka.

Ivyo bikaba bishitse inyuma y’indwi zike umwe muri abo batoroka yishwe muri ibi bihe vya vuba.

Hari igipfungu cinshi kuri iyo bariyeri nk’uko bivugwa n’igisirikare ca Korea ya ruguru

Ico gihe, itariki 13 z’ukwezi kwa cumi na rimwe, umusirikare yariko arahunga yararashwe igihe yariko arahungira muri Korea y’epfo mu karere gacunzwe n’impande zose mu kigwati ca Panmunjom