Ubuserukizi bw’Uburundi muri Norvege bwugawe

N’aho ubwo buserukizi bwugawe, Bernard NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu amenyesha ko ata cuka kibi kiri hagati y’Uburundi na Norvege, kandi ko n’imigenderanire myiza iri hagati y’ivyo bihugu bibiri ibandanya.

Bernard NTAHIRAJA amenyesha Abarundi baba mu gihugu ca Norvege ko bazobwirwa ikindi gihugu bazohora baja kuronderamwo ivyo bakeneye.

Bernard NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu

Bamwe mu barundi baba mu gihugu ca Norvege bamenyesha ko batakiriye neza iyo ngingo, kuko bizobagora gufata ingendo baja muri ico gihugu kindi bazobwirwa, aho akaba ari mu gihe bavuga ko hari bimwe muvyo barondera baronka ari uko babanje kwishikira ahari ubuserukizi bw’Uburundi.

Abo barundi baba muri Norvege bavuga kandi ko iyo ngingo izogira ingaruka ku bashaka kuzokwitaba amatora azoba mu 2020.

« Hageze amatora twahora dutorera mu buserukizi bw’Uburundi buri aha muri Norvege. Kubera iyo ngingo, hari abatazotora kuko bizobagora gufata urugendo baja gutorera mu gihugu kizoba cashizwemwo ubwo buserukizi. Hari n’abazoba babishaka, ariko bibagore gufata indege baja muri ico gihugu gutora. »

Abo barundi basaba Reta y’Uburundi ko yoborohereza, igashira ubwo buserukizi bundi mu gihugu kiri hafi, aho bitazobagora gushika.