
Amakuru dukesha iradiyo y’abafaransa RFI, amenyesha ko haciye imyaka cumi ivyo bibaye, igihe Damian Green yari umushingamateka mu mwaka wa 2008.
Inyuma yo kwagirizwa gutunga amasanamu y’ibiterasoni hamwe no gushaka gushurashuza ku nguvu umwigeme w’umumenyeshamakuru, mugenzi we Theresa May asanzwe ari umushikiranganji wa mbere w’ubwongereza, yahanuye Damian Green gutanga imihoho .
Theresa May avuga ko ababajwe cane n’igenda rya Damian Green kuko yari umuhanuzi wiwe yemera cane, akaba agiye ku rundi rutonde rw ‘abashikiranganji batanze imihoho muri Reta y’ubwongereza mu kiringo gito