Evariste NDAYISHIMIYE aragabisha abazosesagura amafaranga y’intererano y’amatora

Evariste NDAYISHIMIYE arongoye umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu amenyesha ko vyari bikwiye ko intererano z’amatora zihaba, kuko abanyamahanga ataribo bakwiye gutegura amatora y’Uburundi, akavuga ahubwo ko hasigaye itunganwa ry’amafaranga azoba yabonetse.

« Amatora ntitwoyatereranya Reta gusa kuko ni ayacu twese. Biri mu ngingo z’ugutsimbataza Demokarasi. Nico gituma mw’ibwirizwa shingiro bama bavuga bati umwenegihugu wese hariho ivyo ategerezwa gukora. Harimwo rero guterera, kugira ico atanze kugira Demokarasi ishinge imizi. »

Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Evariste NDAYISHIMIYE amenyesha ko ata muntu yogira ubwoba ko amafaranga atanze azohava aribwa, canke azohava aja mu mifuko yaba naka na naka.

« None tugize n’Imana, kizima mu kuza adaca mu mufuko w’umuntu. Ivyarivyo vyose aca ahantu habona muma banki ku buryo bamenya bati hinjiye amahera angana uku, hanyuma amatora yari akeneye ayangana uku, hasigaye aya. Ahubwo umwe wese akurikirane ihera ryiwe, ntihagire irizoseseka. »

Uwo aramutswa umugambwe CNDD FDD aragabisha abohava bakoresha ayo mafaranga ico atagenewe.

« Tube turagabisha ababijejwe bazohirahira ayo mahera bakayajana mu bitajanye n’ivyo yateguriwe, ntituzokwemera ko bayasesagura. »

Evariste NDAYISHIMIYE ashikiriza ko guterera amatora bidakorwa ku nguvu, akavuga ko abazotanga menshi bazoba batangiye ba ntahonikora batazoba baronse ayo baterera.