Ikibanza c’umuhuza w’Abarundi mu nteguro y’ibwirizwa shingiro rishasha

Mu ngingo ya 243 bavuga ko Umuhuza w’abanyagihugu na Reta yakira ibirego vy’abamwituye agatohoza ivyerekeye amakosa yakozwe mu gutunganya ivy’igihugu n’ugutyoza agateka k’abanyagihugu vyakozwe n’abakozi ba Reta n’abakora

mu vy’ubucamanza, ibikwiye gukosorwa akabimenyesha abategetsi babifitiye ububasha.

Uwuba yagenwe mu mabanga y’umuhuza arahuza kandi abajejwe intwaro n’abanyagihugu, ubushikiranganji n’izindi nzego z’ubutegetsi kandi agashinga ijisho ingene inzego nshingwantwaro zikora.

Ibwirizwa niryo ritomora ingene imirimo y’Umuhuza w’abanyagihugu na Reta iringanijwe n’ingene arangura amabanga ajejwe.

Ingingo ya 244 ivuga ko umuhuza w’abanyagihugu na Reta aronswa ububasha n’uburyo bukwiye kugira arangure neza amabanga ajejwe.

Uko umwaka utashe, umuhuza arashikiriza Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka icegeranyo c’ivyo yaranguye. Icegeranyo ciwe kiratangazwa mu

Kinyamakuru c’ibitegekwa mu Burundi.

Ingingo ya 245 ivuga ko Umuhuza w’abanyagihugu na Reta agenwa n’Inama

Nshingamateka yemejwe n’ibice bitatu vya bine vy’abayigize. Igenwa ryiwe ribanza kwemezwa n’ibice bibiri vya bitatu vy’abagize Inama Nkenguzamateka. Ikiringo amara muri ayo mabanga ni imyaka itandatu kandi ntashobora kwongerwa ikindi kiringo.