RDC : Igisirikare c’Ubuganda cakoze igitero ku barwanyi b’umurwi ADF

Richard Karemire, yavuze ko ico gitero cabaye ku barwanyi b’umurwi « Allied Democratic Forces » (ADF) cakurikiranye n’amakuru y’iperereza igisirikare c’Ubuganda cahererekanye n’igihugu ca Kongo.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umuvugizi w’igisirikare c’Ubuganda yabwiye ikinyamakuru co mu gihugu,abasirikare b’Uganda batinjiye muri Kongo, ariko ko bakoresheje indege n’inkoho zirasa kure.

Naho ico gitero cabaye, nta makuru menshi araboneka ku bijanye n’aboba bapfuye canke ngo bakomerekere muri iyo ntambara.

Ico gitero kibaye inyuma y’amanama yakozwe indwi nyinshi hagati y’Igihuu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo n’Uburuganda, ivyo bihugu bikaba vyumvikanye ko bokorera hamwe mu gutuza umurwi ADF.