
Abakozi bo mu kibanza bahamagariramwo baheze mw’igorofa ya kane, nk’uko bivugwa n’abategetsi
Hari ubwoba ko abantu 37 boba bahitanywe n’umuriro mu nzu badandarizamwo iri mu gisagara ca Davao kiri mu bumanuko bwa Philippines, nk’uko abahaba babimenyesha.
Abashinzwe kuzimya umuriro w’icaduka bagwanije urubeya rwatanguye kuboneka mw’igorofa ya gatatu ruca rukwiragira mw’igorofa yo hejuru, rubuza aho baca abakozi bo mu kibanza bahamagariramwo.
« Nta mahirwe y’uko bona bagihema akihari », nk’uko bivugwa n’icegera c’umukuru w’ico gisagara Paolo Duterte.
Prezida Rodrigo Duterte, se w’icegera c’uwurongoye ico gisagara, yishikiye muri ico kibanza.
Prezida Duterte, asanzwe avuka aho Davao, yabonanye n’imiryango y’ababuze ababo imbere y’iyo nyubakwa ya NCCC.
Icatumye uwo muriro watanguye ku musi wa gatandatu mu gitondo waduka kiracatohozwa.
Uwushinzwe igikorwa c’ubudandaji muri iyo nzu y’ubudandaji, Janna Abdullah Mutalib, yavuze ko urubeya rwatanguriye mw’igorofa ya gatatu, ahadandarizwa impuzu n’ibindi bikoresho, nk’uko vyandikwa n’urubuga rwa Philippines Star.

Igisagara ca Davao kiri ku birometero 800 mu bumanuko bushira ubuseruko bw’umugwa mukuru Manille.
Uwo muriro uteye mu gihe ico gihugu cari kirangije kuva mu ngorane z’igihuhusi cahitanye abantu benshi.