
Indege nini cane ishobora kugwa ku mazi yatanguye kuguruka
Indege nini cane kw’isi ishobora kugwa no kuguruka iva ku mazi yo mu Bushinwa ya AG600, yagize urugendo rwayo rwa mbere rw’isaha yose.
Iyo ndege nini ishaka kungana na Boeing 747 ifise imoteri 4, yagurutse iva ku kibuga ca Zhuhai mu ntara iri mu bumanuko bwa Guangdong.
Iyo ndege ishobora gutwara abantu 50, ikaba ishobora kuguma mu kirere amasaha 12.
Ifise ibikoresho vyo kuzimya umuriro kandi ishobora gukora akazi ko gutabara abantu mw’ibahari, no kuja mu karere karimwo amatati mu bumanuko bw’ibahari y’Ubushinwa.
Ubushinwa bwaronse ubwato bushasha bw’ingwano
Ibimenyeshamakuru vyo mu Bushinwa vyise iyo ndege ko ari umunyeamu w’ibahari n’amazinga.

Akarere karimwo amatati mu bumanuko bw’ibahari y’Ubushinwa
Ukuguruka kw’iyo ndege kwatangajwe ikibiriraho ku mboneshakure y’igihugu, abantu benshi bakaba baje kuyishengerera bafise amabendera igihe yagwa
Vyafashe imyaka umunani kugira hakorwe iyo ndege ifise uburemere bw’itoni 53.3.
Hamaze kuboneka amasoko 17 yo gukora indege nk’iyo hagati mu gihugu c’Ubushinwa.
Politike y’ibahari y’ubushinwa mu bumanuko iriyamirizwa n’ibihugu vyinshi bihana urubibe.