
Mu bagirizwa ukwo guhohotera abandi, ishirahamwe SOS Torture rivuga kandi bamwe mu bajejwe umutekano (abaporisi).
Nk’uko bivugwa n’iryo shirahamwe, mu bahohotewe harimwo abo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi mu Burundi.
Muri ico cegeranyo cakozwe kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 23 Kigarama 2017, ishirahamwe SOS Torture rivuga ko ukwo guhohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi bibandanya kwibonekeza kuva hatangujwe umugambi w’uguhindura ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.