Zimwe muri izo nka zicibwa ibihimba vy’umubiri wazo nk’amaguru, umutwe, bigatuma zipfa, izindi nazo zikagurishwa.Ubwo bugizi bwa nabi bukorwa n’abantu bataramenyekana.

Aimerance NIRERA avugira ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi aremeza ayo makuru ariko agashikiriza ko bataramenya igitigiri c’inka zoba zimaze kwicwa.
Uwo avugira ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi yongera akamenyesha kandi ko muvyo bameze kumenya ari ibijanye n’inka zimaze gufatwa zigiye kugurishwa.
Abantu 3 muri komine Gashikanwa mu ntara ya Ngozinibo bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.
Aimerance NIRERA avuga ko uwufashwe agiye kugurisha izo nka aca apfungwa, inka nayo akayakwa ubwo nyene igaca ihabwa uwo bakurikirana ku rutonde rw’abazihabwa.
