Uburusiya : Uwutavuga rumwe na Reta yimwe uburenganzira bwo kwitoza

Umugwi w’igihugu ujejwe amatora muri ico gihugu washikirije ko Alexei Navalny adashobora guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu kuko yagirizwa amakosa yo kwiba amafaranga y’igihugu.

Uwo atavuga rumwe na Reta y’Uburusiya yahamagariye abanywanyi biwe kutemera uko ayo amatora yimirije ariko arategurwa aho ashikiriza ko ivyo yagirizwa atarivyo kandi bifise intumbero ya poritike.

Alexei Navalny afise imyaka 41 yamenyekanye nk’umunyeporitike ashobora guhangana n’umukuru w’igihugu Vladmir Putin mu matora, yaciriwe gufungwa imyaka 5 mu ntango z’umwaka wa 2017 yagirijwe ubusuma hamwe no gukoresha amafaranga biciye inyuma y’amategeko.