Umutumiro w’amasengesho yo gusengera uburundi n’abarundi arangiza umwaka.

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RY’IMANA RY’ABARUNDI YO GUSENGERA UBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO YO KUWA 27/12NA 30/12/2017

Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse, ku misi (Mercredi na Samedi) twama dufise amasengesho yo gusengera abarundi bose n’uBurundi.

I. URUFATIRO : « Iyo umwaka urangiye uwundi ugatangura abantu benshi baranezegwa bakinezereza. Abantu benshi kwisi baravuga ivyipfuzo vyabo, ariko tweho ABISEZERANO ntituzovuga ivyipfuzo vyacu gusa, tuzokwibukanya ico Uhoraho Imana ya Aburahamu yadusezeraniye muri 2018. Mwibukanye isezerano ryanyu.”

II. INYIGISHO : Hari impamvu zizotuma muva mumarushwa n’amaganya, imibabaro n’umuruho maze mukaja mumuhezagiro:

1. Nimwa shobora kuja mu bwiza bw’Imana.

2. Nimwa shobora kuguma mu bushobozi bw’Imana.

3. Nimwa shobora gutahura neza amasezerano y’Imana.

4. Nimwa shobora kugira intumbero mubuzima.

III.IVYOMPWE YERA YAHISHUYE:

1. Abantu benshi Imana basigaye bayivuga ku munwa gusa bakaganzwa na kameremere kabo gusa. Ngo ni bake cane bashikamye.

IV. IMITWARO

1. Musengane umwete mwinshi musengera abarongozi b’ihanga ry’Imana bose, munasengera uburinzi, ibutwari no gushira amanga abadiyakoni, abaririmvyi n’abavugishwa bose.

2 .Gusabira abarundi bose ngo bavavanure n’agatima k’icaha, ububisha, amacakubiri ,ukubesha no gukunda agapfa.

3. Mwibukanye amasezerano mwasezeraniwe ku mwaka wa 2018 kandi muyasengere.

Tubaye turabashimira kukigoro k’amasengesho muzogira kuri iyo minsi ibiri .

Ni Dusangwe IMANA-BURUNDI N’ISEZERANO .

Bigiriwe I Bujumbura kuwa 26/12/2017.

http://www.abisezerano.com