
Abagizi ba nabi benshi gusumba abasanzwe bacungera iyo nyubakwa y’umukuru w’igihugu nibo bateye muriico kibanza, umuporisi umwe aca arahasiga ubuzima. Ikiziga ciwe kiraturigwa hamwe n’inyubakwa 3 ziri mw’iryo tongo ry’umukuru w’igihugu ziraturigwa.
Bikaba binuganugwa ko ico gitero coba cakozwe n’aba Maï-Maï. Ribaye irya mbere bishitse inyubakwa y’umukuru w’igihugu itewe kuri urwo rugero.
Ico gitero kikaba cabaye mw’ijoro rya Noël kandi gikorwa mu gace karwiriyemwo abakirisu.