
Ico kigo cakoze icigwa kigereranya imishahara y’ivyo bihugu baharuye muma dorari y’abanyamerika.Igihugu c’ubuhindi kikaba kimaze imyaka itari mike kiriko kiraduga mu butunzi.
Ubuhindi bugiye gusumba igihugu c’ubwongereza bivuye ku gukoroka kw’amahera y’abongereza « Livre sterling ».Ubuhindi bukaba bwongereje ubutunzi ku rugero rwa 7% mu myaka 20.
Naho bir’ukwo, abanyagihugu bobo ubukene buracabazingamitse.Umuhindi umwe kuri batanu abayeho mu bukene budasanzwe, ubutunzi bukaba bw’iharije abahindi batarenga 10% .
Abanyagihugu bakaba bagifise ibibazo vyo kuriha amakori, kwigisha abana hamwe no kwivuza.