Isezerano rigiye gutangura gusohozwa muri 2018

Mwibuke ico Imana yasezeraniye abarundi ku mwaka wa 2018.

Uyu mwaka wa 2017 ugira urangire harabayemwo ivyiza n’ibibi vyinshi mu gihugu cacu c’uburundi ndetse no mu mahanga. Ntawobura guterera amaso inyuma kugira aronke akaryo ko gushima Imana mbere nakanya ko kwinegura no kunegura ibitagenze neza.

Ku bitwerekeye turashima Imana yuko tugira turangize Imana tukiri bazima kandi naho twashikiwe n’utugorane tutari duke ABISEZERANO bagumye bahagaze. Mu vyiza twabonye kandi twishimira harimwo ikiganza c’Imana carinze kikabungabunga abatari bake mubukene, mu ndwara, no mu nzara bitagira uko bingana. Ikindi ni uko habaye intwari zagumye zihagaze kwisezerano, vyatumye tubandanya ibikogwa kandi ubu tukaba dushitse ku ntambwe zishimishije.

Naho twabonye ivyiza vyinshi, twarahuye n’ababisha batandukanye baje kwinyeheza mwihanga ry’Imana kugira ngo bironkere inyungu zabo bongere barisambure. Aha abo ba “Yuda” aribo bahemu ntitubashirako umutima mubo imyidondoro yabo n’amabi yabo bizokwama vyibukwa:

1. Hariho abishushanya n’abisezerano bakinjira mwihanga kugira baronke uko bahirika inzego. Ivyo aho bibatereye kuwamazi, bagiye baravuga abarongozi nabi, ngo bakorana na Leta , ngo bakorana n’iperereza, ngo basigaye ari inkokore, mbere ntibanatinye no kuvuga yuko bakoresha ubushobozi bw’ikuzimu.

2. Hariho nabandi bitabiriye umugambi w’Imana w’isezerano ku burundi kandi bagashobora kwiyorobeka gushika aho bashikira ubutunzi bw’hanga maze barabusahura. Bamwe barabusahuye bahungira I Uganda, abandi muri Africa yepfo mbere n’abandi bakaguma bacereremba mu gihugu. Abo bose ntibazi yuko Imana itanyegezwa, yuko ataho bahungiye.

Harabaye n’abandi baje mu bikogwa vy’Ihanga ry’Imana ABISEZERANO bibaza yuko hari akajagari nkakari mumigambwe n’imihari ya politike niyo abarwanyi. Basanze barihenze kuko:

a) Intambara Ihanga ry’Imana ABISEZERANO bagwana siyo kuri Facebook na whatsapp. Hari ico abavuga ivyo batazi bomenya. Amajambo wandika canke uvuguga naho yoba mabi gute canke akaba menshi kungana iki ntashobora guterura ibuye na rimwe gusa canke ngo yicire igiti. Turwana intambara y’ukuri n’umuriro, intambara yo mu kuri no mu Mpwemu. Kandi ntiturinda kuyivugisha amajambo muzoyibonera n’amaso yanyu.

b) Intambara Ihanga ry’Imana Abisezerano bagwana siyo kugwanya umuntu (Pierre, Petero, Peter…)canke ngo bagwanire ivyanditse mu mpapuro ( accord de…) ngo dutuke uyu nuriya; ivyo ni ubujuju ntanico bimaze atari ukwitunturiza ubusa. Twahamagariwe gukunda bose, kwubaha bose, kugorera ineza abatugirira nabi mbere no gusengera abaduhama mugabo tukagwanya kandi tukanesha abagwanya Umugambi w’Imana bose. Tugwana intambara yo kubohoza uburundi bushasha bw’Isezerano, uburundi abarundi bose n’abanyamahanga bazishira bakizana mu mahoro n’ubumwe, ubutungane n’iterambere kuri bose.

c) Hari n’abandi bataje mw’Ihanga ry’Imana ABISEZERANO, mugabo umugambi w’Imana waryoheye. Abo nabo baranungwanungwa baratinda bafatwa n’impwemu y’ishari. Bahavuye bigana Ihanga ry’Imana Abisezerano, mu mazina, ibimenyetso, n’amajambo kugira ngo bikunde bajuragize canke bazimize abizeye umugambi w’Imana. Bahavuye aho kumenya ico bagwanira batangura kunebagura, kuvuga nabi abarongozi bihanga muri rwihishwa bibaza yuko bitazomenyekana. Ivyo vyose ntaco bitwaye kuko ni ibisanzwe yuko iyo Imana ikoze ikintu satani canke abanyamareba biwe baca bacigana. Mugabo Inzoka y’Imana dufatiye kuvyabaye muri Egiputa yahavuye imiragura inzoka zose z’abanyamareba. Na n’ubu niko bigiye kugenda.

Mukurangiza twagomba twongere gushima Imana no gushimira abantu bose bitanga kandi bakitangira umugambi w’Isezerano. Dusaba abo bazimiye, bataye umurongo n’abaguye mudutego twababeshi, abangushi n’umwansi kwikubita agashi bamenye yuko usavye imbabazi azigirigwa.

Turibukije abo mw’Ihanga ry’Imana bose mwibuke ico Imana yasezeranye mu mwaka wa 2018.

Ni dusangwe Imana , Uburundi n’Isezerano.