Afrika Yepfo: Sentare ya Afrika Yepfo isaba ko Zuma yokugwa ku butegetsi

Bwana Zuma yagirizwa gukorana n’umuryango w’aba Gupta mu kunyuruza umutungo w’igihugu

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro muri Afrika Yepfo yafashe ingingo ivuga ko inama nshingamateka yananiwe gufatira icemezo Prezida Jacob Zuma, ku gukoresha nabi umutungo w’igihugu.

Yavuze kw’iyo nama nshingamateka yarikwiye kuraba uburyo yokoresha, ngo ikure ku butegetsi Bwana Zuma.

Urwo rubanza ruvugwamwo amahera y’igihugu imiliyoni 16 z’amadolari yakoreshejwe na Bwana Zuma mu 2014 ku nyubakwa yiwe.

Yari yasabwe gusubiza igice kiboneka cayo mahera, ariko ntiyabikora.

(Mu mwaka uheze, sentare yasanze ko mu gihe inama nshingamateka itafashije ngo yubahirize ivyari vyasabwe na sentare, ko itakoze ivyo itegerezwa vyotumye umutegetsi akurikiranwa ku makosa yakoze).