Mu kiganiro yaremesheje mu kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 29 Kigarama 2017, mu ntara ya Kayanza, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko igikorwa co guhinyanyura ibwirizwa nshingiro catanguye mu mwaka wa 2012.
![]()
Muri ico kiganiro, umukuru w’igihugu avuga ko bamaze kubaza abahinga mu bijanye n’amategeko, basanze ko igikorwa co kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro gikorwa biciye aho vyaciye ubwa mbere.
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko ata handi ibijanye no kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro bica atari mu banyagihugu, ari nabo baba bararyemeje.
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA akavuga ko, ibwirizwa nshingiro ari iry’abarundi, ari naco gituma bikorwa n’abarundi bonyene ubwabo.