Iciyumviro cashikirijwe n’umunyagihugu

UBURUHE N’IBIZUNGUZUNGU BIDASANZWE MU BARUNDI

Barundi Barundikazi,namwe mwese mukunda Uburundi aho muri hose,ndabaramukije amahoro y’Imana nti Shalom.

Uyu musi nshimye gushikiriza bimwe bimwe niboneye ibindi ndavyumva n’amatwi yanje,ku bijanye n’Igihugu cacu,n’abo twita imboneza cank’indongozi mu buryo butandukanye bwabo,baba abemerana n’abatemerana.

Jewe nk’umurundi mutoya nipfuje kugir’ico mvuze kuvyo bamwe n’abandi bagiye baratubwira kubijanye n’urukiza rw’Igihugu, cane cane kuva mu mwaka w’2015 inyuma y’ivyo bise amatora.

Ku ruhande rw’abarongozi bavuga ko bayatsinze barasezeranye ibitangaza bihambaye bazokora,emwe vyabay’ibitangaro nyene turavye aho tugeze uyu musi,aho inzara,amarira,ubukene amaganya n’agahinda,tutibagiye ubuhungiro n’umunyororo biriko birasesereza abarundi ataco bazira kiretse bamwe ivyiyumviro vyabo,abandi bazira abo bagendanye,n’abazira ubusa batabuze.

Ku ruhande rw’abavuzeko bipfuza impinduka,turamaze imyaka twumva ngo za mihari ije kugwana,ngo inani z’imigambwe n’imihari n’amashirahamwe,ngo za biroberi,amatangazo y’urutavanako ku maradiyo,ku ma faceboock,ku ma whatsaps,ku ma twiter n’ahandi,ayo matangazo n’ivyo bayavugamwo bigaherera aho nyene vyanditse kandi vyavugiwe.

Ubu hoho vyakomeye,bamwe baravuga n’amagenekerezo,abandi ngo bageze i karumeri gusaba agahinyuza!

Mu vyukuri nagomba mvunire akagohe abatwara n’abatwarwa n’abatabemera bose.Mwibuke kandi mumenye ko mwese hamwe ubutware n’ubwenge n’ivyubahiro vyanyu mu butandukane bwanyu,bifise aho bidashobora kurengana,niyo mpamvu muvuga cane vyinshi,mukiruka cane,mukanagerageza gukora ivyo mwibaza ko ari imikenyuro ibakingira,ariko mukisanga mudafise umwimbu,kuko mubikorana ubwibone,inzigo,n’uburyarya bivanze n’ubuhendanyi ahanini umwe wese agerageza gukimbukira no gukingira inyungu ziwe bwite,mama ngo mugiye za Arusha,bamwe ngo mwumvikanye abandi ngo shwi,abandi ngo za CPI,abandi ngo bazohera nk’ifu y’imijira,

Twebwe abarundi turaruhijwe n’ivyo bintu vyanyu mudukiniramwo kuko ni twebwe tuguma dupfa,dukena,tubura uko twigisha ibibondo vyacu,twanganzwa,bamwe bamwe tukabura n’aho duserurira intuntu tugenda tugapfanirana tugatunturira imbere mu mitima.

Ariko lero ndizigiye ko umusi umwe Imana Izobatetereza mu kudutabara,kuko jewe nk’umurundi asanzwe ndazi ko Umuremyi ahari kandi mwese arabasuzuma akabon’utwo mwigira!

Mbega ubu lero twese mwaduhinduye ibijuju,twahindutse ibikinisho vy’abanyepolitiques?Uwuzoramba azobona,gusa ikibabaje ni abahisi bacu bagiye batuvamwo,bamwe bicwa n’abo bagendanye,barwananye,basangiye,abandi bahitanywe n’ubujuju,ubusamazi n’ukutamenya,tutibagiye n’abahenzwe hamwe n’abiyahuye ubwabo.

BIRAHERERA HE NONE?

Ndiyumvira ko Imana yabanje kubihoza mwese mwerekane ubugenegene bwanyu aho bugarukira,none Imana nayo ni mwaheza iheze yihagurukire mu buryo bwayo no mu bubasha bwayo budasanzwe,atari mu vyiyumviro vy’abantu,vy’amadini n’amasabato n’iyindi migenzo,Isambure izo nkinamico, amareba yose n’amangetengete y’uburyo bwose,maze Igarukane Icubahiro cayo ku misizi y’i Burundi,busubire bwimbuke neza,buzosubire kuba nyabagendwa,Ndizera ntakekeranya ko bitazoguma uku ndabibona.Mu kurangiza nosaba abanyumvirije ko twokwisuzuma,hanyuma mumfashe gushinga urubanza mw’Ijuru,dusiguze Imana kuko abantu vyarabanikiye.

Murakoze mwarikumwe na Ndabirorere Simeon.