
Uwo muporisi yari azwi kw’izina rya Gaudencienne NZIGIYIMANA yakorera ku kirindiro c’igiporisi kiri i Mparamirundi muri komine Busiga, intara ya Ngozi.
Makuru ava mu ntara ya Ngozi amenyesha ko umukozi wiwe yoba yacumise uwo mukoresha wiwe, inyuma yaho uwo muporisi afatiye ingingo y kugabanya umushahara yari asanzwe amuha.
Ayo makuru nyene amenyesha ko amaze kumwica amucumise yoba yaciye ahunga, ariko mu giporisi bakavuga ko bamaze gutangura amatohoza, kandi kiriko kigerageza kumuhagarika.