Ijambo ry’Imana rishikirijwe na Ndikumana Jackson-U

ICIGWA CA 13: UBUZIMA RUKRISTO

SAMEDI: Muri ino ndwi twashoboye gusoma: Abaroma 14-16

VERSET A MEMORISER:  » Ariko weho, ni iki gituma uhinyurq mwene so? Kandi na we, ni iki gituma ukengera mwene so? Kuko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’Imana » (Abaroma 14:10.

Usomye rimwe gusa uno murongo, ucishacishako unyaruka, wohava wibwira ko uwo murongo urekurira umuntu gucira mugenziwe urubanza canke kutabera mugenzawe ikigeragezo. Ariko rero ubutumwa buri muri uyo murongo buribonekeza mu murongo wa 17: ni ugushishikarira kurondera Ubwami bw’Imana mu kubaho kwacu tubifashijwe na Mpwemu Yera ( Abaroma 14:17)

Muri kino cigwa cose, tuja twize ku ngorane 2 zihambaye:

1. Ingorane ijanye n’ivy’imirire
2. Ingorane ijanya n’ivy’imisi mikuru

DIMANCHE: INTEGE NKE MU KWIZERA

Abaroma 14:1-3

INGORANE YA MBERE: IMIRIRE

Aha twabonye ingorane ikunda kwibonekeza mu mashengero yacu, aho usanga umuco mushasha uje mw’ishengero uvyura uruhagarara, ugatuma haba ibice mw’ishengero, mbere bamwe bakanarisohokamwo. Ariko dukwiye guha agaciro ICIYUMVIRO (OPINION) (Abaroma 14:2) c’umuntu. Ico ciyumviro kirihwezwa kigasuzumwa ko ari co canke atarico ( FAITS- REALITES) (Ivyakozwe 17:11).

LUNDI: IMBERE Y’INTEBE Y’IMANZA

Muri kino cigwa, twarabonye ko abakomeye badakwiye gucira imanza abadakomeye ( Abaroma 14:4): Imana yemera abantu bose. Imana ubwayo ni yo Mucamanza w’abantu bose, umwe wese azokwibarizwa imbere yayo. Iyo ducira bagenzi bacu imanza tuba duhindutse ibuye ritsitaza bagenzi bacu, bigatuma baheba ukwizera barimwo.

MARDI: NTA CAHA

Mbega icatumye imirire ibera abo mu gihe ca Paulo ingorane ni igiki?

Abaroma 14:2-3; 1 Ab’i Korinto 8

Ingorane ng’aha ni uko abakomeye, bacovya abadakomeye kubera ko batarya inyama zaterekewe ibigirwamana kandi kubw’ivyo bigatuma bano badakomeye bagira amakenga. Abizera bamwe rero bigira ba sindabibazwa kuri ico kintu, abandi na bo haje amakenga bahitamwo kwirira insoromano mu kibanza c’inyama. Iki nticari ikibazo c’abatarya inyama n’ivy’amaga