
Ndabaramukije amahoro bakundwa b’Umwami wacu Yesu Kristo!!!!
Umva amakuru yi Naho amatanguriro yawe yari mato, naho benshi bagusuzuguye, amaherezo yawe agiye gukomera. Yob 8:7Abamajusi baje kuraba Umwami ariko abungere bo babona akayoya kagayitse kavukiye ahagayitse ariko amaherezo ya Yesu yabaye ayakomeye.
Izo zose zibika zari amagi, ariko imbere y’uko umuvyeyi yibaruka abanza gusama inda. Nawe ndakwipfurije gusama inda y’igisubizo cawe, ugiye kuvyara muri 2018.
Ushaka iki, imbere y’uko umwaka urangira Jer 33:3 mpamagara nanje ndakwitaba niko Uhoraho avuze, andikira ikete Umuremyi akaba n’Umuvyeyi wawe ,shima kubwa 2017 hama umubwire ivyo ukeneye muri 2018 (kora acte prophétique par la foi tu le verras).Inkuru nziza uyu musi, n’uko ugiye kujabukira mumasezerano yawe, muri kanani yawe.
Data yaguteguriye ameza imbere y’abansi bawe, biguma canke vyoroha uragomba kubona Yesu uwabambwe.
Umve Herodi amazekumenya ko Yesu bagiye kumuhungishiriza mumisiri mugihugu bahana imbibe ategeka abarinda umupaka ko atorengana
Gusa kuko marayika yagendana nabo asinziriza abarinzi ubutikoma Yesu ararengana.
Ndakubwiy ngo ivyaguhagarikije umutima mu myaka iheze nivyagutumye urara udasinziriye, 2018 ni bisinzire ubutikoma utambuke ntivyigere bimenya ko wajabutse, ntivyigere bimenya ko watanguye kuzamuka, mu mwuka, mu butunzi, murugo rwawe, mumuryango, kukazi, mumashure, kudandaza, gukora, abagutwenze bagiye gutangara, abatashaka ko ujabuka ntibazigera bamenyako wajabutse, bazokwikangura basanga vyemeye, vyakunze, bazotangara basanze watanguye akazi, wakoze marriage, umugabo wawe yagarutse, uhetse ikibondo, waronse diplome niyindi, kuko iki ari igihe cawe co kwibukwa, co kwishurwa, ….
Ivyatuzibiye muri 2017 ndabiteje itiro ryubutikoma muri 2018. Twinjire mumasezerano, …. Nawe tangura gusenga wature ivyo ushaka kubuzima bwawe Imigani18:21, Yeremiya 1:10, Yesaya 54:17, Yeremiya 29:11-14 .Twirenganire mw’izina rya Yesu Kristo. amen!
Mugenzi nkunda dusangiye,ukwizera ibiva kandi vyanditse mu gitabo ceranda citwa BIBLIA YERA,iryo sengesho rigizwe nibihimba vyinshi vy’inkoramutima,ku wemera BIBLIA YERA,urigire rwawe,urigire inkinzo y’uwu mwaka wimirije,nta nkeka ko rizokuzanira ico wifuza muruwo mwaka wa 2018.
Mu gusozera nkaba ndagusavye kuririmba iyi ndirimbo yinomero 103 iri mu gitabo c’indirimbo zo guhimbaza Imana,uyu mwaka uzohere uyiririmvye incuro nyinshi uzoshobora,hanyuma umwaka uza uzowutangure wejejwe.
1- Kera nari mwishayo y’ivyaha ,ngira ngo Nd’uw’Imana hanyuma Nsanga ndiko ndibesha
Ref-lmana yanje yarandokoye,ubu ni yo ndirimba kuko nezerewe
2- Maz’Iman’irandaba Ndi mur’ivyo bibi Iti Ngo mwana wanje Ngutabare ngukize
3- Ituma Mpwemu Yera Mu mutima wanje Mbona ko nacumuye, Nca ndihan’arankiza .
4- Ndagushima Mukiza ,Yuk’umwana wawe Utandetse ngo nze mpfe Nkiri mu vyaha vyanje.
5- Rek’ubu nkuj’inyuma, Nta wundi nkigomba, Ubu ndakwihereje , Ungab’unyiganzire.
6- Nakoreye Satani ,Nta ciza yampaye, Yohavuy’ampurupfu We ni yo nger’atanga
7- Ariko weho Mwami ,lngabire yawe Ndazi kwar’ubugingo Buva mu rupfu rwawe .