
Ivyiza bikuru bikuru 2 muri vyinshi Imana yankoreye mu mwaka w’2017 ni ibi bikurikira:
1. Yarampaye ubuzima yongera iranzigamira umuryango wose. Igenekerezo rya 15 Mukakaro 2017, jewe n’abana banje bompi (Queen (9ans) na Esther (6 ans)) twagiye kunezerwa mu Kiyaga Tanganyika, ubwato bufatwa n’ibisebuzi, turi kumwe n’abandi bantu 5, ubwo bwato bwuzura amazi, buca buribira. Twari twambaye impuzu zituma tureremba, ariko narambaje izina YESU, turaronka abantu bibereye ku kiyaga baraza kuturoba tumazeyo isaha irenga. Twahabonye ikiganza c’Imana.
2. Inyuma y’imyaka 4 ntafise akazi kw’igenekerezo rya 1 Myandagaro 2017, Imana yarankoreye igitangaza, ndahamagarwa kuja gutangura akazi kuko nari nakoze ikibazo ndagitora. Ndangije rero umwaka w’2017 ndi umukozi, mfise akazi.
Mboneyeho akaryo ko guhamagarira abagenzi banje mwese muri kuri uru rubuga gusoma ijambo ry’Imana riri muri: Yeremiya 33:3; Ab’i Filipi 4:6; Gucura intimba 3:26; Zaburi 116:1; Guharura 11:23; Zaburi 55:16; Yesaya 38:5, 54:7,59:1; 2 Ab’i Korinto1:20.
IMANA MUSHOBORA VYOSE IDUHE KURANGIZA NEZA UWU MWAKA TURIKO TURASOZERA N’UWUGIYE GUTANGURA. AMEN!