Misiri: Sentare yakatiye President Morsi igipfungo c’imyaka itatu

Morsi yakuwe ku butegetsi n’igisirikare kubera politike yiwe ishingiye kw’idini rya Islamu

Sentare y’i Cairo yakatiye Prezida yakuwe ku butegetsi, Mohammed Morsi, igipfungo c’imyaka itatu mu kuba yatutse igisata c’ubucamanza.

Bwana Morsi — yatowe mu nzira ya demokarasi inyuma y’amahinduka yatangujwe mu 2011 mu Misiri — yakuwe ku butegetsi n’igisirikare inyuma y’imyiyerekano y’abiyamiriza politike yiwe ishingiye kw’idini rya Islamu.

Asanzwe ari mu gipfungo c’imyaka 20 mu kuba yakokeje ubwicanyi ku bari mu myiyerekano.

Sentare yakatiye abamushigikira igipfungo c’imyaka itatu, ariko umwanditsi akomeye wo ku mbuga ngurukanabumenyi (Alaa Abdel Fattah) hamwe n’uwugaba iradiyo (Tawfiq Okasha) baciriwe amande.