Mw’ijambo yashikirije abarundi mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mukuru w’umwaka mushasha,kur’uyu wa 31 Kigarama 2017, umukuru w’igihugu amenyesha ko abagiriwe ikigongwe ari abakatiwe gupfungwa imyaka itarenga itanu, Abakenyezi bibungenze n’abonsa.
Muri iryo jambo kandi, umukuru w’igihugu avuga ko abandi bagiriwe ikigongwe ari, Abakenyezi bibungenze n’abonsa, abagendana ubumuga bugaragara, abamaze mu mvuto ica kabiri c’ikiringo bakatiwe, n’abandi ; bose hisunzwe uburemere bw’ivyaha bagirizwa n’inyifato yabo mu mabohero barimwo.
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko ico kigongwe agitanze, mu ntumbero yo gusasagaza amahoro, iteka n’itekane mu gihugu, yisunze ingingo y’113 y’Ibwirizwa Shingiro ry
Uburundi.