
Impanuka yatewe n’imodoka 11 yishe 39 mu 2016
Ubutegetsi bwa Kenya bwavuze ko abantu barenga 30 bapfuye mu mpanuka y’imodoka zibiri zasekanye zirabana.
Iyo mpanuka yatewe n’ibisi n’ikamyo zasekanye zirabana, yabaye mu mutwenzi ku munsi wa Mungu mu karere ko mu burengero bwa Kenya.
Abantu 18 bakomeretse baciye bajanwa ku bitaro biri muri ako karere.
Amabarabara ya Kenya akunze kubamwo amasanganya, impanuka nka mweniyo ikaba yarabaye ku birometero bitatu hafi yaho nyene ihitana abantu 20 muri uku kwezi kwa 12.