Ubuyobozi bw’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled amenyesha ko abitura ivyo bitaro bagiye kuronka akarusho. Muganga Pontien NDABASHINZE avuga ko inyubakwa nshasha izotuma ibitaro bishobora kuryamika indembe 20, mu gihe bahorana ibitanda bine gusa.
Iyo nyubakwa nshaha yagenewe kwakira indembe yinjiwe ku mugaragaro n’ubuyobozi bw’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Nzero 2018.
Umuyobozi w’ibitaro, Muganga Pontien NDABASHINZE yamenyesheje ko iyo nyubakwa nshasha ije gufasha kugabanya abarwayi b’indembe bahora barwarira mu nyubakwa ishobora kwakira ibitanda bibiri gusa.
Muganga Pontien NDABASHINZE avuga ko vyahora bishika abarwayi bakakirirwa hasi, kubera ubukene bwaho babakirira, akizeza ko hari n’ibindi bikoresho bigiye gushika, mu ntumbero yo gushika ku ntumbero bihaye yo kwakira neza abarwayi.