Ivyasezeranywe tubironkeshwa no gukora twizeye

🌈IVYASEZERANYWE TUBIRONKESHWA N’UKWIZERA🌈

ABAROMA 4:18_19_20_21_22_23_24_25.

18/ABURAHAMU yizera yizigiye ibitokwizigiwe,ngw Abe sekuruza w’amahanga menshi,nk’uko vyavuzwe, ng’uruvyaro rwawe ni ko ruzongana.

19/kandi ntiyagabanukak’ukwizera,yitegereje umubiri wiwe umaze kuba akaheze,kuko yar’amaze imyaka nk’ijana y’amavuka yiwe,na SARA yari yaraciye.

20/Ariko yiyumviriye ic ‘IMANA yamusezeraniye,ntiyakekeranishwa no kutizera,arikw aremeshwa cane no kwizera,ahesha IMANA icubahiro.

21/amenya neza adakekeranya yukw ico yasezeranye ishobora no kugikora.

22/Ni co catumye bimuharurwako nk’ukugororoka.

23/Ariko ntivyandikiwe we wenyene yuko vyamuharuweko nk’ukugororoka,

24/Ariko no kubwacu,bizoduharurwako nka kwo,kuko twizeye Iyazuye YESU UMWAMI wacu imukuye mu bapfuye,

.25/yatangiwe ibicumuro vyacu,akazurwa kugira ngo dutsindanishirizwe.

LUKA 21:34_Ariko mwirinde,kugira ngw Imitima yanyu ntiremerwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ubu bugingo,ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego,

🙏AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU🙏