Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu hamwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu bashize umukono kw’itegeko rigenga ingendo z’abagize Reta hagati mu Gihugu. Muri iryo tegeko, abagize Reta y’Uburundi, barekurirwa kugira ingendo mu gihugu hagati , bahawe uburenganzira n’icegera c’umukuru w’igihugu akukira.
Muri iryo tegeko no 120/121/VP1/VP2/01/2017 ryateweko umukono kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2017, abagize Reta y’Uburundi basabwa kumenyesha icegera c’umukuru w’igihugu begukira, naho rwoba atari urugendo rw’akazi.
Muri iryo tegeko, ivyegera vy’umukuru w’igihugu bimenyesha ko urupapuro rwerekana akazi uwugize Reta mu gihugu hagati agiyemwo, rutegerezwa kuba rwerekana urutonde rw’ibikorwa akorera mu rugendo agiyemwo, imvo, akarusho urwo rugendo ruzana, ikibanza urwo rugendo rwabereyemwo hamwo n’abagiye muri ivyo bikorwa.
Iryo tegeko rikamenyesha kandi ko, mu gihe abagiye mu rugendo rw’akazi ari umurwi munini, urupapuro rwerekana urugendo rw’akazi bagiyemwo, rutegerezwa kuba ruriko uwurongoye uwo murwi.