Abantu 11 nibo bapfuye bivuye ku mbeho iri ku gipimo co hejuru yibonekeje mu Buseruko bw’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Abahinga mu bijanye n’ibirere bameyesheje ko igipimo c’imbeho kiri hejuru kizobandanya na cane cane mu bice vy’intara ya Florida yaho muri Amerika, iyo nayo
yatanguye igihe c’umusi mukuru wa Noweri.
Vyitezwe ko hashobora kuba umuyaga mwinshi uturutse kurii yo mbeho bivugwa ko ishobora guhera mu mpera z’iyi ndwi.
Amakuru ava aho muri Amerika ashikiriza ko iyo mbeho iri ku gipimo co hejuru ishobora gutuma ibiti hamwe n’inyubako zitandukanye vyononekara,bikaba vyatumye amashure menshi mu bice bitandukanye yugara.
Ibisagara vyitezwe ko bishobora kugira ingaruka zivuye kuri iyo mbeho ni Boston hamwe n’igisagara ca Orlando co mu ntara ya Florida.