Umushikiranganji wa mbere mu gihugu ca Somaliya, Hassan Ali Khaire, yahinduye bamwe mu bashikiranganji bagize Reta. Abashikiranganji batatu bakomeye nibo bahinduwe.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko, abakuwe mu mabanga n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’amakungu, Yusuf Garaad Omar ; umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Abdi Farah Said Juha hamwe n’umushikiranganji w’ubudandaji, Khadra Ahmed Duale.
Umushikiranganji wa mbere, ahinduye Reta, mu gihe iyo Reta yari imaze igihe yidogerwa ko yananiwe guhagarika ibitero vy’abarwanyi b’umuhari w’intagondwa Al Shabaab.