Abanyagisagara ca Bujumbura basiguriwe ivyahinyanyuwe mw’ibwirizwa nshingiro

Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA asaba abanyagihugu baba mu gisagara ca Bujumbura kuzotora EGO ibijanye n’ibiri mu nteguro y’ibwirizwa nshingiro bizohinduka kuko azoba ari ku neza ya bose.

Mu gikorwa co gusigurira abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura ibiri mw’ibwirizwa nshingiro bizohinduka,umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yamenyesheje abitavye kw’ igikorwa co guhinyanyura ibwirizwa shingiro aric’abarundi bose nkuko bikorwa mu bindi bihugu .

Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yasiguriye abari aho ko amasezerano ya Arusha atariyo agenga igihugu, ariko ibihambaye muri yo bishobora kuja mw’ibwirizwa shingiro.

Edourad NDUWIMANA yavuze ati : “Kw’isi nzima ,nta na hamwe amasezerano acika ibwirizwa shingiro, gusa ibihambaye muri yo bija mw’ibwirizwa shingiro.

Kubijanye n’abavuga ko amasezerano y’I Arusha atubahirijwe,umuhuza w’abarundi yashikirije ko ibiri mu ntangamarara y’ibwirizwa shingiro vyerekana ko amasezerano y’i Arusha yubahirijwe kandi azobandanya yubahirizwa ,ku bwiwe ico kigabane kirasigura neza ibijanye no gushira amahoro imbere,gusubiza hamwe abarundi hamwe n’ivyo gutsimbataza agateka ka zina muntu bizokorwa hisunzwe ayo masezerano y’i Arusha.

’’Vyose bikorwa hisunzwe amasezerano ya Arusha’’

Bimwe mu bibazo vyabajijwe, hari ibijanye n’ukurahira kw’umukuru w’igihugu afise bibiriya mu kuboko kandi hariho abarundi atari abakirisu,ukutabona kumwe igabangana ry’ubutegetsi hisunzwe amoko hamwe n’ikibazo c’abigenga mu gihe c’amatora.

Mu kwishura kuri ivyo bibazo,Edouard NDUWIMANA ati :“Kurahira ufise Bibiriya ,ibwirizwa shingiro ntaco ribivugako ariko uwurahira aba afashe idarapo ry’igihugu.

Ivyerekeye ukutabona kumwe igabanganwa ry’ubutegetsi hisunzwe amoko,umuhuza yavuze ko vyose bikorwa hisunzwe amasezerano ya Arusha, kuko vyabereye igihugu inyishu y’ibibazo carimwo, ariko ko hashobora gushika igihe bizohinduka.

Ibijanye n’ikibazo c’abitoza nk’abigenga,Edouard NDUWIMANA avuga ko iyo nteguro isigura neza ko uwitoza nk’uwigenga ategerezwa kuba amaze n’imiburiburi umwaka umwe ata mugambwe numwe arimwo.

Bimwe biri mu nteguro y’ibwirizwa rishasha bizohinyanyurwa n’ibijanye nuko umukuru w’igihugu azokwitoza azoba afise imyaka 40,akitoza mu kiringo c’imyaka 7 gishobora kwisubirizwa rimwe gusa,gushiraho icegera kimwe c’umukuru w’igihugu hamwe n’umushikiranganji wa mbere azoshinga akongera akarongora reta.

Ibindi biri muri iyo nteguro nk’uko vyashikirijwe n’umuhuza,abahora ari abakuru b’igihugu ntibazoguma ari abakenguzamateka nk’uko vyahora, abacamanza bo muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro bazotorwa mu kiringo c’imyaka 8, kare yahora ari imyaka 6

Mwomenya ko iyo nteguro nshasha y’ibwirizwa shingiro izoba ifise ingingo 292, mu gihe ibwirizwa shingiro ryahahora ryari rifise ingingo 307.