Kenya: Prezida yasohoye amazina y’abagize leta

Prezida wa Kenya Uhuru Kenyatta yasohoye urutonde rw’abagize leta, akaba yagumijemwo benshi mu bahora mu yiheruka ariko ashiramwo na bashasha bazanye amaraso mashasha mu migambi yiwe ine nyamukuru.

Prezida Uhuru Kenyatta yashize ahabona amazina y’abashikiranganji icenda gusa, yavuze ko azokwuzuza urwo rutonde mu minsi iza.

Mu bashasha binjiye, harimwo umuyobozi w’igisata c’ubushikirizamanza, umukenguzamateka hamwe n’uwurongoye intara iri mu buraruko bw’igihugu.

Abashikiranganji batakakajwe ni uw’ikigega ca leta Henry Rotich, uw’intwaro yo hagati mu gihugu Fred Matiangi hamwe n’uwo kwunguruza abantu n’ibintu James Macharia.

Abandi bagumye mu bibanza bahoramwo n’uw’amasoko ntanga nguvu, uw’itumanako hamwe n’uwo mu biro kwa Prezida.

Bwana Kenyatta yagenye n’abarongoye ibisata bikomakomeye vyo mu buzi bwa leta hamwe n’abo mu nteko z’umutekano.

Ibwirizwa shingiro rya Kenya risaba ko inama nshikiranganji igigwa n’abashikiranganji bari hagati ya 14 na 22.