Ubutegetsi bwa Korea YEpfo bwavuze ko umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yemeye ko ata myimenyerezo ya gisirikare izokogwa igihe c’inkino mpuzamakungu zo kunonora imitsi, bitegekanijwe ko zizobera muri Koreya y’Epfo.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC , amenyesha ko iyo ngingo yafashwe inyuma y’ivyari vyasabwe na Reta ya Koreya y’Epfo.
Donald Trump yabwiye umukuru w’igihugu ca Korea Y’Epfo, Moon Jae-in, ko azoba arahagaritse iyo myimenyerezo ya gisirikare mu kwubahiriza izo nkino zizotangura kw’igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2018.
Amakuru ya BBC amenyesha kandi ko, Donald Trump yavuze ko yizeye ko hari ikizova mu biganiro bitegekanijwe, hagati ya Korea ya Ruguru na Koreya y’Epfo.
Koreya ya Ruguru, ntikirigera cemera ibiganiro bibaye ku mugaragaro , bishobora gutangura mu minsi ya vuba.