Abanywanyi batatu b’ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo PARCEM mu ntara ya Muramvya, basabiwe gupfungwa imyaka iri hagati ya 20 na 30 na sentare nkuru y’intara ya Muramvya, mu rubanza barengutsemwo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 5 Nzero 2018.
Mu mwambaro usa n’urwatsi rutoto w’abapfungwa, Emmanuel Nshimirimana, Constat Aimé Gatore na Marius Nizigama barengutse igihe c’isaha zitatu z’agatondo bari kumwe n’uwubunganira muvy’amategeko.
Sentare nkuru y’intara ya Muramvya yabagirije uko ari batatu, gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ariko bobo babihakanye, bavuga ko bahagaritswe mu gihe bariko bategura uruganda rwari guhuza urwaruka rwo mu migambwe itandukanye.Umukuru w’ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo PARCEM , yarengukishijwe muri sentare I Muramvya. Amakuru ava mu begereye ishirahamwe PARCEM, amenyesha ko yarengukishijwe kugira atange umuco mu rubanza rw’abanywanyi batatu b’ishirahamwe PARCEM bapfunzwe kuva mu kwezi kwa gatandatu.
Abo batatu baserukira ishirahamwe PARCEM mu ntara ya Muramvya bahagaritswe kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi 2017 ,ni Emmanuel NSHIMIRIMANA, Aime Constat GATORE na Marius NIZIGAMA.
Uko ari batatu baserukira ishirahamwe PARCEM mu ntara ya Muramvya, bahagaritswe bagirizwa guhungabanya umutekano hagati mu gihugu, no gukoresha inyandiko zitari zo.
Mu ntumbero yo gutanga umuco no gusigura ivyo umucamanza yashatse kuvuga, uwaserukiye Reta mu rubanza rwa mbere rw’abo banywanyi ba PARCEM , yasavye ko Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM yokwitaba sentare nkuru y’intara ya Muramvya.
Faustin NDIKUMANA yitavye muri sentare nkuru y’intara ya Muramvya, isaha zitatu z’igitondo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 5 Nzero 2017.
Abo banywanyi b’ishirahamwe PARCEM bafashwe kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi 2017, baca binjizwa ibohero rikuru rya Mpimba, kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi 2017.