“Umutumiro w’amasengesho yo gusengera uburundi n’abarundi wo kuwa 3 na 6 Nzero 2018.”
Turamaramukije Amahoro y’Imana Isumba Vyose tuti SHALOM, tunabipfuriza umwaka mushasha mwiza wa 2018!
Nkuko Imana yo mw’ijuru Uhoraho yabidutegetse kwama dutunganya amasengesho yo gusengera urugendo rwo kuja mu gihugu c’UBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO, 2 mu ndwi, turabatumuriye aya masengesho mwese.
URUFATIRO, IVYEREKANYWE n’INYIGISHO: Uyu mwaka:
-2018: Ni umwaka Imana igiye kwiyerekana mu burundi, mu karere no kw’isi yose. ( Yesaya 19:1-25)
-2018: Yerusalemu igiye kuba umugwa mukuru wa Isirayeli abantu batangare Yoweli 3:1-2; Zakariya 14:1-2)
-2018: Inkoni y’umusavyi w’Imana nzima igiye kumiragura udukoni twabanyamareba ba Egiputa. ( Kuvayo 7:1-13)
-2018: Ivyinyegeza mw’izina ry’Imana mu mikino, mu bubisha no muburyarya vyose bigiye gusangangukira mu maso yanyu kuko icuma n’ibumba ntibifatana. (Daniel 2:43-44)
-2018: Muhamagariwe kwitegura kuzunguruka ibisika vy’Iyeriko no kurindira inzamba z’abaherezi b’ISEZERANO. ( Yosuwa 6:6-20)
IMITWARO Y’AMASENGESHO:
– Musenge mwitunganya musengera imiryango yanyu, abavyeyi musengere abana banyu n’incuti zanyu. Abana musengere abavyeyi banyu n’urunganwe rwanyu.
– Musengere abarongozi b’Ihanga ry’Imana, abadiyakoni n’abaririmvyu, abasenzi n’abavugishwa, abavugabutumwa n’abarindiriye ugutabagwa n’Imana bose.
– Musengere impunzi, abapfunzwe, abagwaye, abagendana ubumuga , abashitse muzabukuru, abari mu mutekano muke n’abugarijwe n’ubukene bose.
Ni dusangwe Imana , Uburundi n’Isezerano.
Bigiriwe I bujumbura kuwa 02/01/2018.