Muyinga : Abantu babiri bitavye Imana barashwe

Abantu babiri nibo baraye bitavye Imana ,uwundi arakomereka barashwe n’abantu bataramenyekana I Kobero, hafi y’umupaka wa Tanzaniya n’Uburundi. Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko abantu babiri bikekwa gukora ubwo bwicanyi bamaze guhagarikwa.

Abo baraye bitavye Imana ni NZEYIMANA Isaac yari asazwe akora akazi ko kuvunja amafaranga I Kobero , Komine Butihinda,mu ntara ya Muyinga hamwe n’uwuzwi kw’izina rya SEZIBERA asazwe akora akazi ko kwunguruza abantu akoresheje ipikipiki yari amutwaye.

Umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko abo bantu barashwe nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 5 Nzero 2018, n’umurwi w’abasuma utaramenyekana bari bitwaje inkoho zo mu bwoko bwa pistolet.

Amakuru dukesha umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko umwana w’imyaka yababa icumi yari kumwe n’abo bishwe, nawe yakomeretse mu nda,ubu akaba yaciye ajanwa mu bitaro vy’intara ya Muyinga.

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko hari amafaranga yibwe, ariko kandi n’abikekwa gukora ubwo bwicanyi bamaze gufatwa n’igiporisi, kugira hakorwe amatohoza.