Ubuhindi : Abaporisi 4 bahitanywe n’igisasu

Abajejwe umutekano 4 bapfuye mu gitero c’igisasu catewe n’abakekwa kuba abarwanyi b’idini rya Isiramu mu gace ka Kashmir kari mu mpari hagati y’ibihugu vya Pakistan n’Ubuhindi ,naho ubu gatwarwa n’igihugu c’Ubuhindi.

Amakuru ava mu bajejwe umutekano aho mu gihugu c’Ubuhindi amenyesha ko abo baporisi bahitanywe n’ico gitero, bariko baracungera umutekano inyuma yaho abakozi bari bahagaritse akazi batewe akamo n’abashaka ko ako gace ka Kashmir kigenga.

Bivugwa ko ubwicanyi butera bwiyongera kuva abashaka ko ako gace kikukira batanguye guhagarika imirimo.