Akaganuke ku bana b’Imana nzima aho bari hose.

Ndabaganukije Bene Data mwese dusangiye Ubuntu bwa Yesu Kristo, Umwami wacu bubane namwe! Ubwiza n’ icubahiro n’inganji n’ ububasha nibibe ivyiwe !

2 abam.10 :31 Yehu ntiya rababaye kugendera mu vyagezwe vy’Uhoraho,

Yari umuntu w’akazuyazi gakomeye! Umuntu w’akazuyazi arababaza Imana! Ic’akoze cose akigirana umutima udatunganye ; agira imitima ibiri muriwe!

Mukundwandakwingingauhereze umutima wawe k’Uhoraho! Niho uzoshira ubwoba mu rugendo, kandi niho Uhoraho azobana nawe! Imana ibafashe! Amahoro abe muri mwebwe mwese!