UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA UBURUNDI BW’ISEZERANO.
Bene Data mwese bakundwa, Hanga Ryera ry’Imana,Shalom!
Turabahaye Kaze muri ca gikorwa c’amasengesho yo gusengera Igihugu cacu, twama tuyakora Ku misi ya gatatu n’iyagatandatu, murahawe kaze ejo aho bukera ku wa 10/01/2018 no kuwa 13/01/2018, mur’ico gikorwa ciza c’Imana.
DUHAWE GUSOMA N’IJWI RIRENGA: (Guharura 33:50-56)” Abisirayeri babarirwa uko bazogenza bashitse i Kanani”
URUFATIRO :Twumvire Imana, twirinde abahanuzi babi maze tuje kumirimo twahamagariwe (2Ngoma10:1-15. )
INDIRIMBO TWAHAWE :77, 74 na 341
IMITWARO YOGUSENGERA:
1. Tuzosengera Igihugu cacu n’abarundi bose aho bari
2. Tuzosengera ingendo n’ibikorwa vy’Indongozi z’Ihanga ry’Imana n’abadiyakoni.
3. Tuzosengera abagwaye, abapfunzwe, impunzi, abashonje, abagendana ubumuga, n’abari mu ngorane zitandukanye.
IBIMENYESHEJWE:
Murasabwe kuzoshikiriza uburongozi ivyo Mpwemu Yera azobahishurira mur’ayo masengesho
Uhoraho abazigame.
Bigiriwe I Bujumbura Ku wa 09/01/2018
Ni dusangwe Imana Uburundi n’Abisezerano.
www. abisezerano.com