Abantu, amabarabara n’inkuba ntibisiba kwiha inkumbi mu gihugu.

Isanganya ryahitanye umupfasoni n’inka mu Kigwena

Ngaha mu Burundi, abantu, amabarabara eka n’inkuba ntibisiba kwiha inkumbi inkumbi. Kiretse impumyi mu buryo bw’impwemu abantu bose barabona yuko igihugu kiri munsi y’umuvumo. Mwari muzi yuko hariho abamara iminsi ibiri ataco bashize kumunwa, iyo bagiriwe ibakwe bagafungura rimwe kumunsi kandi intica ntikize! Ikibabaje nuko kuri ivuo biza hiyongerako akarenganyo, ibiturire n’umutekano muke kuri benegihugu. Abarundi twese turakwiriye kwikubita agashi tugahagurukira rimwe kugira ngo turwanire uburundi bw’amahoro, ubutungane n’umusesekara kuri bose.