Umuntu umwe niwe yitavye Imana, inka zitanu zirapfa mw’isanganya ry’imodoka ryabereye mu Kigwena,Zone Kirwena, intara ya Rumonge,mw’isanganya ry’imodoka.
Amakuru ava aho mu Kigwena, amenyesha ko iryo sanganya ryabaye inyuma y’umutaga kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 10 Nzero 2018.
Ayo makuru nyene amenyesha ko iyo modoka igiheza kugonga , umukenyezi umwe yaciye yitaba Imana ubwo nyene, mu gihe inka zimwe zapfuye izindi ziravunika.
![]()
Bamwe mu begereye ahabereye iryo sanganya mu Kigwena, babwiye ikinyamakuru igihe, ko iryo sanganya ryoba ryavuye ku muvuduko mure mure imodoka yariko igenderako.